Burundi: Urubanza rw'itegeko rigenga abamenyeshamakuru

Inyundo canke intahe y'umucamanza
Image caption Inyundo canke intahe y'umucamanza

Mu rubanza rwasomwe mu minota idashika n’itanu, sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro yamenyesheje ko zimwe mu ngingo zigize itegeko rigenga abamenyeshamakuru mu Burundi zitisunze ibwirizwa shingiro.

Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru, UBJ, ryari ryashikirje izo ngingo iyo nsentare ngo igire ico izivugako.

Izo n’inkizerekeye ihadabu ry’umurengera hamwe n’ingwati mu gihe abamenyeshamakuru bagirijwe ikosa iri canke ririya.

Uwurongoye syndicat y’abamenyeshamakuru, Alexandre Niyungeko, yabari BBC ko hari ivyo bashimye kuki iyo sentare yameje ko hariho ibidakurikije amategeko

Ivyo sentare ishima mw'itegeko

Ayo n’ubu bavuze ko yisunze amategeko, ni ayahana umumenyeshamakuru aha impigi umwansi, ayatosekaza izina ry’igihugu hamwe n’ayotuma ubutunzi bw’igihugu buhungabana.

Itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryarateye impari nyinshi hagati y'abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka aho ryariko ririgigwa.

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay'abatagira aho begamiye muri politike yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu, barasemereye basaba ko umukuru w'igihugu atoshira umukono kuri iryo tegeko, bavuga ko riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.