Turkiya: Hirukanywe abapolisi barenga 350

Abapolisi ba Turkiya
Image caption Abapolisi ba Turkiya

Leta ya Turkiya yirukanye abapolisi barenga 350 i Ankara, akaba aribo benshi birukanywe kuva hatanguye itohoza ku giturire muri leta.

Urwego rukuru rw'ubucamanza muri Turkiya ruvuga ko ruzogira itohoza ku kwitwara nabi kw'abategetsi bakuru bacungera ibijanye n'igiturire.

Abo bategetsi bagizwe n'abashinjacaha bakuru hamwe n'umukuru mushasha w'igipolisi mu muji wa Istambul.

Umushikiranganji wa mbere, Recep Tayyip Erdogan, yavuze ko itohoza ku bakozi biwe ba hafi ari umugambi mubisha w'igipolisi hamwe n'ubucamanza.