Zambia: Uwutavuga rumwe na leta yise prezida ikijumbu

Umukuru w'igihugu wa Zambia, Michael Sata
Image caption Umukuru w'igihugu wa Zambia, Michael Sata

Umwe mubatavuga rumwe na leta ya Zambia yagirijwe icaha co gusiga iceyi umuntu, nyuma yo kugereranya umukuru w'igihugu n'ikijumbu.

Mu kiganiro yatanze kw'iradiyo, Frank Bwalya, yakoresheje ijambo ryo mu rurimi rwiwe, Bemba, mu kugereranya umukuru w'igihugu Michael Sata n'ikijumbu kivunika iyo bagihinye.

Iyo mvugo ikoreshwa mu kuvuga umuntu atumva impanuro.

Niyahamwa n'icaha, bwana Bwalya ashobora gufungwa imyaka itanu.

Mu 2002 umwanditsi mukuru w'ikinyamakuru yarafashwe ahowe kwita umukuru w'igihugu Levy Mwanawasa, imboga y'ishu.