Itohoza rya ONU ku bwicanyi muri Centrafrika

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abahunze intambara mw'ikambi ya Mpoko hafi y' ikibuga c'indege ca Bangui 02-01-14

Ico cegeranyo cerekana ko muri Centrafrika hakwiragiye ubwicanyi bwahitanye abanyagihugu basanzwe, ihohotera rifatiye ku gitsina, ndetse no gucibwa ibihimba vy'umubiri.

Abajejwe itohoza bo mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko imirwi yo ku ruhande rw'abakirisu (anti-Balaka) yishe abayislamu benshi mu kwezi guheze, harimwo abana n'abagore.

Abarwana ku ruhande rw'abayislamu nabo (Seleka) bishe abakirisu benshi mu kwihora, harimwo n'abari bakomeretse bamaze gushika mu bitaro.

Ico cegeranyo gisohotse imbere y'umubonano wihuta w'inama y'umutekano y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku kibazo c'ivyaha vyakorewe muri Centrafrika.

Umwe mu bategetsi bo mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamenyesheje ko ari ngombwa ko amakungu akwiye kugira ico akoze, mu ntumbero yo gukingira Centrafrika ubwicanyi bw'agahomerabunwa.