Agathe Habyarimana yareze Ubufaransa

Image caption Agathe Habyarimana 1977

Agathe Habyarima, yatwaye urubanza imbere ya sentare y' ishirahamwe rya Bulaya mu kwezi guheze, yunguruza ku ngingo yafashwe n' inama y' igihugu y' Ubufaransa mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze, yo kumwima uburenganzira bwo kuguma mu Bufaransa.

Umuhagarariye imbere y'amategeko Philip Meilhac, avuga ko inzego zose z'Ubutungane bw'Ubufaransa bari kwitura ku kibazo ca Mme Habyarimana baciyemwo.

Ingingo Agatha Habyarimana yari yafatiwe amaze kwimwa uburenganzira bwo kuba mur'ico gihugu, n'uko yari kujanwa ku rubibe rw' Ubufaransa.

Ubutungane bw' Ubufaransa bugizwe n'inzego zitandukanye, hamwe rero n'inama y'igihugu.

Maitre Philip Meilhac avuga ko ubusabe bwa Madame Habyarimana bwo kuba mu Bufaransa ari ubusabe busanzwe bufatiye ku gushaka kugumana n'umuryango wiwe.

Ubwoiwe ngo ahamaze imyaka 15, afise abana mu Bufaransa, bamwe ndetse ngo bafashe ubwenegihugu bw'Ubufaransa.

Ariko inama y'igihugu yo ngo siko ibibona, Maitre Meilhac avuga ko ianam y' igihugu y'Ubufaransa yemeza ko izo mpamvu zo gushaka kugumana n' umuryango zidafashe.

Ku bwa Maitre Meilhac ngo inama y'igihugu yafashe ingingo yo gutsinda ntiyanafatira no ku zindi manza bisa zabaye, yigeze guca.

N'ukuvuga ko iyo aba uwundi atari Mme Habyarimana, ata kibazo ca politike kirimwo, ngo azi ko baba baramuhaye ubwo burenganzira.

Maitre Philip Meilhac avuga ko hari izindi mpamvu ziri hanze y'amategeko kuko hari uburorero bwinshi bw'izindi manza zabaye zisa n'urwiwe, ariko ntibashake kuruca nk'uko baziciye, ahubwo barugira umwihariko.

Ngo ntiyumva impamvu bashaka kurugira umwihariko, cane cane kur'ico kibazo co kwaka uburengzira bwo kuba mu Bufaransa.

Impamvu rero bituye sentare y'ishirahamwe rya Bulaya, ngo n'ukugira ibaze Ubufaransa impamvu bwavyitwayemwo uko.