Itohoza rya ONU ku butegetsi bwa Vatican

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Vatican

Uhagarariye ubutegetsi bwa Vatican aremera ko hari abapatiri bahohoteye abana, kandi ko icaha nk'ico kidashobora gusigurwa.

Ariko yavuze ko hafashwe ingingo zizotuma ivyo vyaha bidasubira kuba.

Abaharanira inyungu z'abahohotewe bavuga ko iryo tohoza rifise uruhara rukomeye cane gose

Ubutegetsi bwa Vatican bwarahakanye guha uwo murwi w'ishirahamwe mpuzamakungu ivyo bwakuye mw'itohoza bwikoreye kur'ico kibazo.