Leta ya Sudani y'epfo yagaruje umuji wa Bor

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abasirikare ba SPLA ku kivuko ca Bor

Umuvugizi w'igisirikare ca leta, Philip Aguer, avuga ko ingabo za leta zatsinze abarwanyi bagera ku bihumbi cumi na bitanu ba Riek Mashar.

Yavuze ko ifatwa ry'uwo muji ryagabanuye impungenge ku murwa mukuru Juba, uri mu bumanuko bw'uwo muji wa Bor.

Uwuserukira abarwanyi ari mu biganiro muri Etiyopiya, yavuze ko izo nkuru z'ifatwa ry'umuji wa Bor zitaremezwa neza.

Impande zompi ziri mu biganiro, zemeza ko ziri hafi gushika ku mwumvikano.