Impande zihanganye muri Syria zahuye

Umuhuza mu biganiro kuri Syra, Lakhdar Brahimi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuhuza mu biganiro kuri Syra, Lakhdar Brahimi

Impande zitavuga rumwe mu matati yo muri Syria zahuriye mu cumba kimwe mu nama i Geneve ariko ntibavuganye.

Ukwo kubonana ubwa mbere amaso mu yandi kwamaze iminota mirongo itatu gusa.

Mbere yaho, intumwa ziserukiye buri ruhande zari zavuze ko zivugana gusa n'umuhuza wo muri ONU, Lakhdar Brahimi.

Vyitezwe ko basubira guhura uno munsi, ibintu nyamukuru bagomba kuganira akaba ari imfashanyo ku bagowe hamwe n'irekurwa ry'impfungwa.

Ariko impande zombi zavuze ko zishaka kuganira ku kibazo nyamukuru cerekeye ubutegetsi mfatakibanza mu ndwi iza, naho gushika ubu atacerekana ko hari aho bahuriye kuri ico kibazo.