Imyigaragamvyo muri Ukraine irakomeza

Uwuri mu myigaragamvyo arasa n'itopito Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uwuri mu myigaragamvyo arasa n'itopito

Abari mu myigaragamvyo yo kwiyamiriza leta muri Ukraine binjiye inyubakwa y'ubushikiranganji bw'amasoko ntanganguvu i Kiev.

Umunyamakuru wa BBC ahari avuga ko bigaruriye umwanya muto igorofa ya mbere y'iyo nyubakwa, abategetsi bakavuga ko ari igikorwa c'iterabwoba.

Mu gihe imyiyerekano ibandanya mu miji yindi mu gihugu, umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Vitaliy Zakharchenko, yavuze ko utwigoro two guhagarika iki kibazo mu mahoro twabaye impfagusa.

Yagirije abari mu myigaragamvyo kuba bariko barakoresha ibirwanisho.

Amakuru atangwa n'abaganga avuga ko umwe mubakomerekeye mu myigaragamvyo i Kiev yapfiriye kwa muganga, abamaze kuhasiga ubuzima ubu bakaba babaye batatu.

Abatavuga rumwe na leta bavuga ko iyo myigaragamvyo izohagarara aruko umukuru w'igihugu atanze imihoho.