BBC: Umunyamakuru Anna Waithera yapfuye

Anna Waithera
Image caption Umunyamakuru wa BBC

Umumenyeshamakuru wa BBC Anna Waithera yaraye yitavye Imana. Anna yakorera mu biro vy'i Nairobi, yishwe n'ingwara ya cancer mw'ijoro ryo ku musi wa mbere apfira mu bitaro. Yaramaze imyaka ibiri agwana n'iyo ngwara ariko iruhira kumuhitana.

Mu gihe yar'umwe mu bamenyeshamakuru bakerebutse, Anna yatanguye muri BBC mu mwaka w'i 2009 amaze imisi myinshi akorera mu gihugu ca kenya. Yatanguranye ubuzobere akuye mu kigo gikomeye c'itangazamakuru co muri Afrika y'ubuseruko, Nation Media Group hamwe na Citizen TV.

Ni we yabaye umumenyeshamakuru wa mbere akorera mu ndimi zibiri arungitswe guserukira BBC i Addis Abeba.

Urupfu rwa Anna rushitse inyuma y'urundi ruheruka rw'umushikirizamakuru wa Television Komla Dumor. Urwo rupfu rwatumye abo bakorana mu biro vya Nairobi bagwa mu gahundwe.

Mu cunamo cakozwe co kumusezera, bamwe bavuga ko babuze umuntu w'umutima, umwigeme yuzuye urukundo yakunda gukorana na bagenziwe, benshi bavuga ko bazokwama bamwibuka.

Abakozi bo mu biro vya Nairobi, i Londres, i Dakar na Abuja bihaye umunota w'agacerecere wo kumusezera.

Umukuru wa BBC agenzura akarere ka Africa Solomon Mugera yavuze ko BBC ibuze umwigeme w'intwari, umumenyeshamakuru yarazi gutunganya neza akazi kiwe.

Naye uwurongoye imirimo ya BBC Razvan Scortea yongera ati: "Ndababajwe n'ivyashitse. Anna yar'umuntu akundana, aciye ubwenge, kandi afise ivyiyumviro birashe.

Imana n'imuhezagire".

Uwurongoye igisata c'igiswahili Ali Saleh be n'umukuru w'i biro vya BBC muri Afrika y'ubuseruko David Okwembah basiguye ko Anna yarumwe mu bamenyeshamakuru bakerebutse bakoresha indimi zibiri, kur'urupfu rwiwe rwakoze mu jisho akarere ka Afrika y'ubuseruko mu kukambura umwe mu bakozi bakomeye.

Anna yitavye Imana afise imyaka 39.