Abimukira barenga igihumbi batabawe n'Ubutaliano

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abo bimukira bahavuye burizwa ubwato bwa gisirikare bubashikana mu Butaliano

Igisirikare co mu mazi c'Ubutaliano catabaye abantu 1.123 bari mu bwato bupompwa mu kiringo c'amasaha 24 ubwo ukugerageza kuja i Bulaya mu kinyegero baciye muri Africa y'uburaruko bgigeze ku bitigiri vya mbere binini.

Abo batabawe bari mu mazi batowe bari mu bwato icenda ku bilometero 222 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Lampedusa.

Barimwo abagore 47,bane muri bo bafise inda,n'abana 50, bose bashobora kuba bava muri Africa yo munsi ya Sahara nk'uko ico gisirikare kibivuga.

Hagati aho abantu icenda basomye nturi ubwo bariko baragerageza gushikira zinga rya Espagne rya Ceuta mu buraruko bwa Africa.