Africa y'Epfo:9 batowe ibiziga

Doornkop Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubutare bwa Doornkop burabana na Soweto

Abatabara muri Africa y'Epfo bavuga ko batoye ibiziga umunani mu nyenga kwimbwamwo ubutare inyuma y'aho kwadukiyemwo umuriro hakongera hagasenyuka ikibuye.

Ariko haracari uwundi mukozi atarabonwa irengero muri ico kinogo ca Doornkop mu burengero bwa Johannesburg, nk'uko bimenyeshwa na leta.

kuri utu wa gatatu , abandi bakozi umunani bari batowe ari bazima aho bari baronse bihisha mu nkuzimu baca bavanwayo, nk'uko vyatangajwe na bene ico kingo c'ubutare Harmony Gold.

Uwo muriro wadutse ku wa kabiri ku mugoroba mu kuzimu. Icatumye uwo muriro waduka ntikitramenyekana neza.

Minsistre ajejwe ubutare Susan Shabangu yavuze mw'itangazo ati ivyo bintu birababaje cane.

''dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira tumenye icateye iyo mpanuka kugira dukinge izinzi nk'izo muri kazoza''.

Ubutare n'amabuye y'agaciro bifise ikibanza kingana na 10 kw'ijana mu butunzi bwa Africa y'epfo, abakora muri ico gisata bakaba barenga ibihumbi amajana atanu (513.211).

MU mwaka uheze , Africa y'epfo nico cabaye igihugu ca mbere mu kwimbura platine nyinshi ubwo gisanzwe gifise iyingana na 80 kw'ijana y'iyirangwa kw'isi.

Isanzwe ifise kandi 50 kw'ijana y'inzahabu zimaze kumenyekana kw'isi.