Syria:ONU yizeye gushikana infashanyo Homs

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakuwe muri Homs

Uyu munsi ugira kabiri ku minsi itatu y'agahengwe kari katanzwe muri Homs hagati y'igisirikare ca leta n'abayirwanya, mu korohereza ico gikorwa c'ubutabazi.

Ejo kuwa gatanu, haraye hakuweyo abantu bagera kuri 80, bari mu duce turimwo abarwanya leta, twari tumaze umwaka n'igice twugarijwe.

Abenshi baboneka ko bafise amagara make kandi bananiwe, aho bamwe muri bo bavuga ko bari bamaze amezi atanu badakojeje umukate ku munwa.