Syria: Abandi banyagihugu bakuwe muri Homs

Image caption Syria, Homs

Abakozi b'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakuye muri Homs amajana y'abanyagihugu barimwo abagore n'abana.

Bulamatari w'intara yavuze ko abantu barenga amajana atandatu bashoboye gutabarwa.

Umunyamakuru ari hafi ya Homs yavuze ko n'imiburiburi abantu buzuye bisi zibiri bajanywe hanze y'umuji wa Homs.

Abajejwe gutabara bajanyeyo infungurwa n'imiti.

Abarwanya leta bavuga ko ikibanza carimwo abarindiriye gutabarwa catewe ibisasu.

Bavuga kandi ingabo za leta zafashe bamwe mu bagabo bari mu batabawe mu gukurwa mu muji wa Homs.