CAR: Abayisilamu barahungira muri Cameroun

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare b'Urwanda babungabunga amahoro muri Centreafrique

Ingabo nyafurika zagiye kugarura amahoro muri Centrafrique, zashoboye guhungisha abayisilamu bagera ku 2000 bakabageza muri Cameroun.

Umunyamakuru wa BBC uri kumwe n'ingabo z'u Rwanda aravuga ko imodoka zahungishaga abo bayisilamu zatewe n'intagondwa z'abakirisitu zari zitwaje imbunda, amacumu, amabuye n'imipanga.

Izo ngabo z'Urwanda zarwanye n'izo ntagondwa zashakaga kwica abayisilamu abaribo bose bari bahunze.

Abantu 10 barimo impunzi z'abayisilamu 2 n'umushoferi nibo baguye muri iyo mirwano.