Indege yayoberejwe i Geneve

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Indege ya Ethiopian Airlines ku kibuga cy'indege i Geneve

Uwakoranaga n'umudereva w'indege yo muri Ethiopian Airlines yavaga mu murwa mukuru Addis Ababa igana i Roma yafashwe nyuma yo kuyobya iyo ndege, bigatuma igwa i Geneve.

Igipolisi cyo mu Busuwisi cyavuze ko uwo mugabo yatwaye iyo ndege mu gihe umudereva wayo yari agiye kuruhuka.

Hari amakuru avuga ko uwo mugabo yatse ubuhungiro mu Busuwisi.

Uwo mugabo yitanze nyuma yo guca mw'idirishya akoresheje umugozi.

Abagenzi n'abakora muri iyo ndege bavuyemo amahoro.

Iyo ndege yaritwaye abantu bagera kuri 200.