Ukraine: Abashingamateka batoye gukura perezida

Uwufise ububasha kw’isanamu r
Image caption Ishusho ya perezida Yanukovych

Mw'itangazo ryasomwe kuri televiziyo ryari ryafashwe amajwi imbere y'amatora, bwana Yanukovych yari yavuze ko adatanga imihoho.

Yagirije abamurwanya mu nama nshingamateka ko barangwa n'ubwononyi, ubwambuzi no gutembagaza ubutegetsi.

Bwana Yanukovych yavuze ko inama nshingamateka yakoze ibidahuye n'amategeko mu gutora umukuru wayo mushasha no gutora kurekura kizigenza mu bakeba biwe, Yulia Tymoshenko.

Ubu Tymoshenko yamaze kurekurwa.