Ukraine: Tymoshenko asaba gukomeza imyiyerekano

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Yulia Tymoshenko

Yulia Tymoshenko, asanzwe afise imvune y'umugongo, yashikirije ijambo abari mu myiyerekano yicaye mu gatebe kábarwayi, inyuma yo gukurwa mu mvuto.

Yababwiye ati:"kugeza murangije iki gikorwa, nta n'umwe akwiye kuva hano".

Yashikirije iryo jambo ryiwe inyuma y'umunsi waranzwe n'ibintu vyinshi vyagiye bihinduka vuba, aho perezida Viktor Yanukovych yakuwe n'inama nshingamateka.

Perezida yahunze umuji wa Kiev ariko arahakana gutanga imihoho.

Yulia Tymoshenko yaturitse ararira igihe yabwira abamushigikiye bariko bamuhunda amashi menshi ko ari intwari