Leta mu Misiri yeguye

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwahoze ari ministiri w'intebe weguye, Hazem el-Beblawi

Ministiri w'intebe wa Misiri, Hazem el-Beblawi, na leta ye beguye k'ubutegetsi mu bintu bitunguranye.

Mw'itangazo ryaciye kuri televiziyo, bwana el-Beblawi yavuze ko imyigaragambyo y'abakozi yakomeje kwiyongera mu Misiri mu bihe byashize.

Yongeraho ko nta leta kw'isi ishobora kugera kubyo abaturage basaba mu gihe gito.

Iyi leta y'agateganyo yarishyigikiwe n'igisirikare yafashe ubutegetsi mu kwezi kwa karindwi k'umwaka ushize nyuma y'aho igisirikare gihirikiye ubutegetsi bwa perezida Mohammed Morsi, ugendera ku matwara y'idini ya Islamu.