Uganda ihagaritswe umutima n'ihagarikwa ry'imfashanyo

Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Perezida wa Uganda Yoweri Museveni

Ministre wa Uganda ajejwe imigenderanire Sam Kutesa yavuze ko afise umutima uhagaze ku bishoboka ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zigabanura imfashanyo zaha Uganda kubera itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye riherutse kwemezwa.

Kutesa yavuze ko abantu bategerezwa kugira iteka imbere y'uko bemera gufashwa, ko badategerezwa kwemera imfashyanyo ku kiguzi icarico cose.

Uwuhagarariye Amerika muri Uganda, Scott DeLisi, imbere y'aho yari yasavye leta ya Uganda gufuta iryo tegeko.

Yavuze ko akeneye guhabwa umuco uhagije kuri iryo tegeko imbere y'uko igihu ciwe gifasta ingingo yo guhagarika canke kubandanya imigambi y'imfashanyo, cane cane iyijanye na SIDA.

Iryo tegeko rishasha ririmwo igihano co gufungwa ubuzima bwose ku bagize imibonano mpuzabitsina n'abubakanye babisangiye rikanabuza ico ryita kumenyekanisha uwo muco.

Iryo tegeko Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yarisinye ku wa mbere itariki 24 z'ukwezi kwa kabiri.

Asinya iryo tegeko imbere y'abanyamakuru n'abaministiri bakomaga amashyi, bwana Museveni yavuze ko iki kibazo cy'abakorana imibonano mpuzabitsina bafite ibitsina bimwe cyazanywe n'imitwe y'abirasi b'abanyamahanga.

Perezida wa Leta zunze ubumwe z'Amerika, Barack Obama, yari aherutse kuvuga ko iri tegeko rizaba risubije inyuma abaturage bose muri Uganda.

Bwana Obama yongeyeho ko ibi bishobora kwangiza imibano hagati y'ibyo bihugu.

Abashyigikiye abakora iyo mibonano muri Uganda bavuze ko iri tegeko rizongera uburakari abantu benshi bari basanzwe bafitiye abo bakorana imibonano mpuzabitsina babihuje.