Ukraine:muri Crimee abakeba bihaye amabarabara

abari mu myiyerekano mu ntara ya Crimee Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abashigikiye n'abasdashigikiye ivyahindutse muri Ukraine bose bihaye amabarabara mu ntara ya Crimee

Abashigikiye n'abadashigikiye leta bitavye imyiyerekano y'abakeba imbere by'inama nshingameteka ya Ukraine mu ntara ya Crimee.

Umurongo w'abapolisi niwo watundakanya iyo migwi ibiri y'imyiyerekano: umwe ushigikiye Uburusiya, uwundi w'aba Tatars ushishigikiye ihinduka rya leta.

Icuka gikomeje kuba kibi muri Crimee kuva prezida Viktor Yanukovych akuwe ku butegetsi ku ndwi iheze.

Bamwe mubo muri Crimee batinya ko leta nshasha izohava ibabuza imigenderanira yabo n'Uburusiya mugihe aba Tatars ari nabo ba mbere babaye muri Crimee bagifitiye agashwira Uburusiya kuva aho bwabatera ubwa mbere mu kinjana ca 18

Hagati aho ministre w'imfatakibanza wa Ukraine ajejwe intwaro hagati mu gihugu yavuze ko igipolisi kizwi nka Berkut cagirizwa urupfa rw'abari mu myiyerekano, casambuwe.

Ntabiragaragara ico abahora bakora muri Berkut bagiye kuba, ariko Arsen Avakov avuga ko vyinshi biri bumenyekane kuri uyu wa gatatu.

Ico gipolisi cari kugizwe n'abantu bari hagati ya 4000 na 5000 bakorera muri Ukraine yose.

Hagati aho leta nshasha yimirije kwerekwa abari mu myiyerekano i Kiev kuri uyu wa gatatu nyene.

Ariko abategetso b'imfatakibanza ba Ukraine igikorwa bafie si ico gushinga leta gusa. bategerezwa gusubiza igihugu mu mutekano, barondera uwahora ategeka ico gihugu Viktor yanukovyuch ubu yahunze bangore bakinge ingorane z'ubutunzi.

Yanukovych yahunze Kiev mu mpera z'indwi iheze gushika ubu akaba aho abarizw atawuhaz en'ubwi yikwekwa kuba ari mu ntara ya Crimee.

Abategetsi b'imfatakibanza basohoye umutahe wo kumufata , ku wa kabiri inama nshingamateka ikaba yemeje itegeko ry'uko yoburamishwa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye.