Somalia: Igitero gihitanye abarenga 12

al-shaabab Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption al-Shaabab igize igihe igaba ibitero Mogadishu

Ibombe batega mu modoka yaturitse ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, yica abantu nibura 12 ikomeretsa abandi 8 hafi y'ibiro vy'igihugu bijejwe iperereza.

Uwo yateze iyo bombe yatumbereye imodoka y'abajejwe umutekano.

Batatu mu bajejwe umutekano bari mu bishwe nk'uko bivugwa n'ababibonye.

Umugwi al-Shabaab ufitaniye isano na al-Qaeda wemeye ko ariwo wagavye ico gitero.

Uwo mugwi ugwanya leta ya Somalia ishigigikiwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Hagize igihe ubwicanyi bwasubiye kwiyongera ku murwa mukuru Mogadishu muri iyi minsi iheze, harimwo ibitero vya muzinga mw'ijoro hamwe n'itana mu mitwe ku murango hagati y'abajejwe umutekano n'aba al-Shabaab.

Ku ndwi iheze uwo mugwi wagavye igitero c'ibombe batega mu modoka ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Mogadishu gihitana abategetsi n'ababacungerera umutekano.

al-Shabaab yari yirukanywe muri Mogadishu mu 2011, ariko n'ubu ikaba ikigenzura ibisagara bito bito n'utundi turere mu gihugu.

Ingabo za Africa zishika ibihumbi 22 ziri gufasha leta ya Somalia kurwanya al-Shabaab.