Manuel Pellegrini afatiwe ibihano na UEFA

Manuel Pellegrini Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption UEFA yafatiye umumenyereza wa Man City ibihano vy'inkino 2

Umumenyereza wa Manchester City Manuel Pellegrini yafatiwe ibihano vyo kudakurikirana inkino zibiri n'urwego rwa Bulaya rujejwe umupira w'amaguru UEFA kubera kunegura umuhagarikizi w'urukino yatsinzwemwo na Bercelone mw'ihiganwa rya Champions League.

Pellegrini yavuze iyuma y'uko gustndwa 2-0 bakinira iwabo ko uwo mmuhagarikizi aturuka muri Suede Jonas Eriksson ''atwitwaye co kimwe ku migwi yompi''.

Yagiririjwe kwigenza nabi, gutyo akaba atazoshobora kwicara mu kibanza c'umumenyereza mu rukino rwo gusubiza itariki 12 z'ukwa gatatu no murundi rukino rumwe.

Igihano c'urundi rukino cabaye kirarindirizwa imyaka ibiri, ariko Pellegrini ashobora kwunguruza.