Obama yavuganye na Xi Jinping kuri Crimea

Image caption Imyiyerekano yo gushigikira Ukraine muri Crimea 10/03/2014

Ibiro vya perezida Obama biremeza ko abo bategetsi bompi bumvikanye ku ciyumviro co gushigikira ubudahangarwa bw'igihugu ca Ukraine.

Ikinyamakuru ca leta y'Ubushinwa Xinhua, kivuga ko bwana Xi yahamagariye impande zompi kurengera ibibatandukanya mu kuvugana, no kugerageza kwifata, bakagira ivyo baheberaniye.

Abategetsi b'Ubudagi n'abo Ubwongereza bavuga ko perezida Putin yemeye kuganira n'umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire, Sergei Lavlov, mu ntumbero yo gushiraho umurwi mpuzamakungu uzofasha mu biganiro n'ubutegetsi bwa Ukraine.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'infatakibanza wa Ukraine, Andriy Deshchytsya, yavugiye mu kiganiro yahaye abanyamakuru, ko Ukraine yiteguye kuganira n'inama y'ishirahamwe rya Bulaya, ku kongera ubwigenge uturere, no guha uburenganzira amoko y'inkehwa.