Burundi: Umugambwe MSD warezwe kurwanya igihugu

Image caption Umukuru wa MSD, Alexis Sinduhije

Abanywanyi b'umugambwe MSD baherutse gutana mu mitwe n'abapolisi ku munsi wa gatandatu, ku cicaro gikuru c'uwo mugambwe ku murwa mukuru iBujumbura.

Ivyo vyabaye inyuma y'aho igipolisi gikomeye abo banywanyi ba MSD bari mu mabarabara, bagaca berekeza mu ngoro y'umugambwe.

Abanywanyi ba MSD bavuga ko batari mu myigaragamvyo, ngo ahubwo bariko baranonora imitsi.

Alexis Sinduhije gushika ubu ntawuzi aho yinyegeje, ariko abo baregwa hamwe baratawe muri yombi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU na Leta zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko bahangayikishijwe n'ikoreshwa ry'inguvu mu guhasha abatavuga rumwe na leta mu Burundi.