Nigeria: Abashomeri bapfiriye muri stade

Umurwa mukuru wa Nigeria, Abuja, ku karata
Image caption Umurwa mukuru wa Nigeria, Abuja, ku karata

Abantu bataramenyekana uko bangana bapfuye abandi benshi barakomereka mu kugundana kwadutse mu kibuga c'umupira w'amaguru ku murwa mukuru wa Nigeria, Abuja.

Abo bantu bose ni abashomeri bari bahuriye muri ico kibuga bitavye itangazo ry'akazi.

Abajejwe ivy'amagara bavuga ko abakomeretse baza barajanwa kwa muganga ngo ariko ntibaramenya neza abapfuye uko bangana.

Umunyamakuru wo mu biro bitara amakuru vyo mu Bufaransa yaharuye imivyimba indwi.

Ivyo vyabaye igihe hariko haraba itangwa ry'akazi ko mu biro bijejwe abinjira n'abasohoka muri Nigeria.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bitavye ngo bakore ikibazo c'ako kazi.

Bivugwa ko ukugundana kwatanguye igihe abo bantu bose bagerageza gushika hagati mu kibuga.

Muri Nigeria urugero rw'ubushomeri rusanzwe ruri hejuru, cane cane mu bakiri bato.