Imyigaragamvyo ikomeye i Moscow mu Burusiya

Imyiyerekano i Moscow Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imyiyerekano i Moscow

Ibihumbi vy'abantu bahuriye hagati mu murwa mukuru wa Moscow mu myiyerekano yo kwiyamiriza irungikwa ry'abasirikare b'Uburusiya i Crimea.

Ku rundi ruhande abantu barenga ibihumbi cumi bahuriye mu yindi myiyerekano yo gushigikira leta y'Uburusiya.

Baza bararirimba bagira bati "Crimea ni ubutaka bw'Uburusiya."

Kuwa Mungu, Crimea izobamwo amatora ya kamarampaka, yo guhitamwo nimba iyo ntara yokwegukira Uburusiya canke ikaguma ari iya Ukraine.