Abantu barenga ijana barishwe muri Nigeria

Ikarata yerekana intara ya Kaduna Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ikarata yerekana intara ya Kaduna

Abajejwe intwaro muri Nigeria bavuga ko abantu barenga ijana biciwe mu bitero vyabereye rimwe mu bigwati bitatu vy'intara ya Kaduna iri hagati mu gihugu.

Abantu bitwaje inkoho vyibazwa ko ari abo mu bwoko bw'aba Fulani bateye iyo mihana kuwa Gatanu, baturira amazu banasahura ibifungurwa.

Umwe mu bategetsi baho bavuze ko yabonye ibiziga vy'abantu baturiwe cane.

Ako karere kamaze igihe kirekire kabamwo itana mu mitwe hagati y'amoko ataguma hamwe, n'ay'abarimyi.

Umunyamakuru wa BBC muri Nigeria avuga ko ihindagurika ry'ikirere rituma abataguma hamwe berekeza mu bumanuko kuko uruzuba rumereye nabi uburaruko.