Burundi: Abanywanyi ba MSD basabiwe ibihano

Image caption Alexis Sinduhije, umukuru wa MSD

Abenshi mur'abo banywanyi 70 bafatiwe ku ngoro y'uwo mugambwe MSD inyuma y'imishamirano n'igipolisi itariki 8 ukwezi kwa gatatu.

Abandi bafatiwe mu bice bitandukanye vy'igisagara ca Bujumbura uwo munsi nyene no mu minsi yakurikiye.

Bakaba bagirizwa kugarariza, kuja mu migwi yo kugarariza no guhohotera no gutyoza inzego z'umutekeno.

Mu cumba c'intahe ca sentare nkuru y'igisagara ca Bujumbura hari abantu isinzi bagwiriyemwo abakiri bato bari baje gukurikirana urwo rubanza ku buryo mbere no kwumva ivyavugwa n'ababurana bitari vyoroshe.

Eka no hanze hari huzuye abandi kuko bose batashobora gukwirwa muri ico cumba.

Ku bantu 70 bari muri urwo rubanza, 69 nibo bari bitavye.

Umushikirizamanza yabashize mu migwi ibiri, umwe w'abantu 48 bafatiwe ku ngoro ya MSD no mu micungararo yayo, n'uwundi w'abandi 22 cagiye kirafata irya n'ino mu gisagara ca Bujumbura.

Mbere ngo bari bagamije kwigarurira kimwe mu bibanza vyo mu gisagara hagati ngo bahagarire imyiyerekano itarekuwe n'amategeko.

Ivyaha bagirizwa birimwo kugarariza, kuja mu migwi yo kugarariza hamwe no guhohotera no gutyoza inzego zijejwe umutekano.

Uwo munsi w'itariki ununani, hari abapolisi babiri abanywanyi ba MSD bagize imbohe imbere mu ngoro yabo, mu nyuma intureka irakomera gushika n'aho abapolisi barasa amasasu yica abatari bake bagakomereka.

Uno munsi imbere y'uko urubanza ruburanishwa mu mizi, abunganira umugwi wa mbere basavye ko sentare hari ivyo yobanza kubigira.

Mur'ivyo hari uko muri abo bagirizwa harimwo abana bafise munsi y'imyaka 18 bategerezwa kuburanishirizwa muri sentare idasanzwe.

Babonye ko Sentare idashimye kubanza kwiga ivyo bibazo, abo bashingwamanza n'abo baburanira baciye bafata ingingo yo kutabandanya baburana.

Urubanza rwaciye rukomeza sentare yumviriza urega wenyene, gushika aho abasabira igihano co gupfungwa ubuzima bwose.

Mu mugwi wa kabiri ho hari abemeye kuburana, ubandi bavuga ko bobarindira bakaronka ababunganira.

Uretse abana bazokwumvirizwa ejo, na batatu basabiwe kwambikwa izera, abasigaye 17 basabiwe igihano co gufungwa imyaka 15.

Urwo bazocirirwa bazorumeya kuri uyu wa gatanu.

Rubaye mu manza zinyarutse cane kuko ruhamagajwe kabiri gusa.