Australia yabonye ibisa n'ibisigarira vya MH370

Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Australia_Maleziya_indege

Amato n'indege zo muri Australia, Nouvelle Zelande na Leta zunze Ubumwe za Amerika, biriko vyerekeza mu gice ca km 2,500 uja mu bumanuko bwa Perth.

Muri ako gace habonetse ibisa n'ibihimba baketse ko ari ivy'indege ya Maleziya yazimiye.

Ikinini mur'ivyo bakeka ko kingana na metero 24 , nk'uko bimenyeshwa nábategetsi bajejwe umutekano wo mu mazi, Australian Maritime safety Autority (AMSA).

Ariko baravuga ko ivyo bintu bishobora no kuba ataco bipfana n'iyo ndege yazimiye.

Australia yakomeje gukizura agace k'ibahari Indiano mu kurondera iyo ndege.

Indege ya Maleziya MH370 yariko yerekeza iPeking, ivuye Kuala Lumpur kuwa munani z'uku kwezi , igihe yazimangana irengero, irimwo abantu 239.

Ibihugu bigera ku 26 nivyo biriko birafashanya mw'irondera ryayo.

Abadereva n'abari mur'iyo ndege bakozweko itohoza mu ntumbero yo kuraba ko hari uwoba afitanye isano n'ibikorwa vy'iterabwoba, ariko nta kimenyetso kiraboneka kijana mur'iyo nzira.