Syria: Infashanyo ya UNO yahawe inzira

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abarindiriye infashanyo muri Homs 08/02/14

Imodokari mirongo umunani zagiye zigemuye ibifungurwa, imiti n'ibindi zishiriye abanya Syria, aho zashikiye mu muji wa Qamishi, uri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria.

Ako karere kagenzurwa ahanini n'ingabo z'aba Kurde.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryizeye ko iyo nzira y'uno munsi izoba umuhora wo gushikana infashanyo ku banya Syria baharurwa mu bihumbi bazikeneye, mu bindi bice vya Syria.