Ingabo za Chad zishe abantu muri Bangui

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Centrafrika, Bangui

Abanyamakuru bari muri Bangui baravuga ko igitigiri c'abapfuye kirenga kure abo umunani.

Izo ngabo za Chad zarungitswe gutahukana Abanyachad bari muri Centrafrika, bivugwa ko zarashe ku banyagihugu bo mu buraruko bwa Bangui, mu gace karwiriyemwo abakirisu.

Abanyachad bakomeje kurerwa ko bafata mu mugongo urunani SELEKA, rwatembagaje ubutegetsi mu mwaka uheze.