Barcelona yahanishijwe kutagira abandi bakinyi igura

Ikipe ya Barcelona ntiyakurikije amategeko ya FIFA Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ikipe ya Barcelona ntiyakurikije amategeko ya FIFA

FIFA yahanishije ikipe ya Barcelona yo muri Espagne igihano co kutagira undi mukinyi mushasha yongera kugura mu kiringo c'umwaka.

Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru ku isi FIFA rivuga ko Barcelona itakurikije amategeko yaryo agenga kugura abakinyi bafise imyaka iri munsi ya 18.

Ishirahamwe ry'umupira wa maguru kw'isi FIFA rifise amategeko akomeye kubijanye n'amasezerano imirwi igiriranira n'abakinyi bo mu bindi bihugu bari munsi y'imyaka 18.

FIFA yasanze umurwi wa Barcelona, umwe mu mirwi ikomeye cane kw'isi, warahonyanze amategeko yayo ku bijanye n'urwaruka cumi rutarashikana imyaka 18.

Kubera izo mpamvu umurwi wa Barcelona ntuzokwemererwa kugura abakinyi haba abo mu gihugu ca Espagne canke mpuzamakungu mu biringo bibiri vyo kugura abakinyi vyimirije.

FIFA yatoye kandi n'utundi tunenge ku bandi bakinyi.

Ivyo bihano rero vyafatiwe umurwi Barcelona hamwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Espagne kubera ko ryemereye abo bakinyi batarashikana imyaka isabwa n'amategeko; abo bose bagategerezwa gutanga amahadabu.

Mu rundi rubanza, umurwi wa Barcelona uriko igirwako amatohoza n'abategetsi ba Espagne kuvyerekeye inyuruzwa ry'amakori avugwa mu masezerano yo kugura umukinyi rurangiranwa w'umunye bresil Neymar.