Wenger agaya inyifato y'abakinyi

Arsene Wenger Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Arsene Wenger

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, avuga ko abakinyi biwe bakwiye guhindura inyifato nyuma yo gutsindwa 3-0 na Everton.

Uwo Mufaransa avuga ko Arsenal igomba gusibira ku ntango ikihweza ivyo ikora.

Steven Naismith na Romelu Lukaku batsinze bibiri vya mbere vya Everton mu gice ca mbere, mu nyuma Mikel Arteta aza kwitsinda bavuye kuruhuka.

Arsenal ubu irusha inota rimwe gusa Everton, bihiganirwa ikibanza ca Champions League, kandi Everton ikaba ifise umukino itarakina.