Ikiza ca Ebola gikomereye OMS

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abateruye umurwayi wa Ebola

Icegera c'umuyobozi mukuru wa OMS, Keija Fukuda, yavuze ko bishobora gutwara ayandi mezi ane yo guhangana n'ico kiza.

Hagat'aho ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, 'Medecins sans Frontieres', rivuga ko riri mu biganiro n'abakuru b'uturere mu bumanuko bwa Guinee.

MSF yahagaritse ibikorwa mur'ako gace, kubera igitero wakozweko n'abanyagihugu baho

Ebola, imaze gutwara abantu barenga 111 muri Guinee no mu Liberia kuva aho iyo ngwara iserukiye mu kwezi guheze.