ONU igiye kurungika ingabo muri Centrafrika

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imodokari y'ingabo z'Ubufaransa muri Bangui

Mu bisanzwe hari ingabo ibihumbi ingabo zigera ku bihumbi bitandatu zigizwe n'Abafaransa 2000, n'izo Ubumwe bwa Afrika 6000.

Ariko izo ngabo nta vyinshi zirashobora gukora mu kugarura umutekano, inyuma y'umwaka uheze hari indyane zahitanye abantu baharurwa mu bihumbi, abandi bagera kuri miliyoni bagateshwa ingo zabo.

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon, avuga ko Centrafrika iri mu makuba ateye akoba.