Papa Francis yasavye imbabazi

Papa Francis asaba imbabazi ku "mabi y'abapatiri" Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Papa Francis asaba imbabazi ku "mabi y'abapatiri"

Papa Francis yasavye imbabazi ku bwiwe kubera amahano yakozwe n'abapatiri ba Gatolika bahohoteye abana mu kubasambanya.

Papa yavuze ko Ishengero rizi neza ikibi cakozwe uko kingana, yongerako yuko abo bagirwa bagomba guhabwa ibihano.

Abagatolika bamwe bagirije Papa kuba akwega ibirenge ku kibazo c'abapatiri bagirizwa gusambanya abana.

Umunyamakuru wa BBC ari i Roma yavuze ko arikwo kwiyamiriza ayo mabi kwa mbere gukomeye Papa amaze kugira muri ino myaka ya vuba.

Ivyo Papa Francis yavugiye mu nama mpuzamakungu y'Abagatolika yerekeye gukingira abana.