ONU ntishaka ko RCA iba nk'u Rwanda

Ban ki Moon ntashaka ko ivyabaye mu Rwanda biba ahandi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ban ki Moon ntashaka ko ivyabaye mu Rwanda biba ahandi

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon, avuga ko Centre Afrique itagomba kurekwa ngo ibe urundi Rwanda

Aho yandika ku vyo yiyumvira ku rubuga rwa BBC, bwana Ban yavuze ko abantu barenga igice c'abanyagihugu ba Centre Afrique bakeneye imfashanyo yo kubatabara.

Afatiye ku mihango yo kwibuka jenoside yo mu Rwanda ku nshuro igira mirongo ibiri, yavuze ko amakungu agomba guhaguruka agatabara ubu, ntazoze gusaba ikigongwe mu myaka 20 iri imbere.

Ejo kuwa Kane, umugwi w'umutekano wa ONU wemeje irungikwa ry'abasirikare bo guhagararira amahoro bashika ku bihumbi cumi na bibiri muri Centre Afrique.