Abarenga 100 boba barishwe na Boko Haram

Abasirikare ba Nigeria bahiga Boko Haram i Borno mu mwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Nigeria bahiga Boko Haram i Borno mu mwaka uheze

Amakuru ava mu buraruko bwa Nigeria avuga ko abantu bashika 135 bishwe n'abarwanyi ba ki Islam mu bitero mu ndwi iheze

Umukenguzamateka wo muri leta ya Borno iri mu buraruko bushira ubuseruko, yabariye BBC ko ubwo bwicanyi bwabereye mu bice bitatu vya kure.

Yavuze ko ahambere hatewe ari kw'ishure ryigisha abarimu, aho abo bantu bitwaje ibirwanisho bishe abarimu batanu banyuruza abandi benshi hamwe n'abagore babo.

Abo bantu bitwaje inkoho vyibazwa ko ari abo mu mugwi Boko Haram, baciye batera ibindi bigwati bibiri biri hafi y'urubibe na Cameroune.