Ubuseruko bwa Ukraine burahungabanye

Mu buseruko bwa Ukraine bimeze nabi Uwufise ububasha kw’isanamu n
Image caption Mu buseruko bwa Ukraine bimeze nabi

Abantu bitwaje inkoho batazwi bafashe inyubakwa nyinshi za leta mu buseruko bwa Ukraine baca baduza amabendera y'Uburusiya

Mu muji wa Donetsk, umukuru w'igipolisi yatanze imihoho nyuma y'aho abantu bashika igihumbi n'amajana atanu bitwaje amabendera y'Uburusiya bahuriye imbere y'ibiro bikuru vy'igipolisi.

Babwiye uwo mukuru w'igipolisi ko baza kwahuka iyo nzu natatanga imihoho.

Mu wundi muji wa Slaviansk mu buseruko, abantu bitwaje inkoho bafashe inzu za leta banigarurira ibiro vy'igipolisi.

Umunyamakuru wa BBC yari i Slaviansk avuga ko abo bantu baciye gatangura kugenzura n'ibindi bice vy'umuji no hanze yawo.

Bakomeje ibizibiye amabarabara bakoresheje amapine, bagaca bahashira abantu bitwaje ibirwanisho.