Irani na Amerika birapfa visa

Irani yavuze ko igiye kwitwarira Amerika mu butungane bitewe n'uko yanse guha uruhusha rwo kwinjira, visa, uwuserukiye Irani muri ONU
Ubushikiranganji bwa Irani bujejwe imigenderanire bwavuze ko atawundi ahari wo gusubirira ambasaderi Hamid Abutalebi mu kibanza co muri ONU.
Bwana Abutalebi bivugwa ko afitaniye isano n'umugwi wateye ibiro biserukiye Amerika i Teheran mu 1979, muri Amerika bakaba biyamirije igenwa ryiwe.
Ariko bwana Abutalebi avuga ko yari gusa uwujewe gusigura indimi w'abanyeshure bateye ivyo biro bakagira imbohe abahakorera.