Ukraine yatanguye kwivuna

Abigaruriye inyubakwa za leta mu buseruko bwa Ukraine Uwufise ububasha kw’isanamu n
Image caption Abigaruriye inyubakwa za leta mu buseruko bwa Ukraine

Umushikiranji w'intwaro yo hagati wa Ukraine, Arsen Avakov, avuga ko abajejwe umutekano batanguye igikorwa co kurwanya iterabwoba

Ico gikorwa kibera mu muji wa Slaviansk uri mu buseruko, aho abantu bitwaje ibirwanisho biyoberanije bigaruriye inyubakwa za leta.

Bwana Avakov yavuze ko abo bantu barashe ku bajejwe umutekano ba Ukraine.

Yabariye abanyagihugu bahaba kuguma munzu ngo kandi baje kure y'amadirisha.

Leta zunze umwe za Amerika zavuze ko zihangayikishijwe n'iciswe umugambi wateguwe neza w'ibitero mu buseruko bwa Ukraine, bigirwa n'abashigikiye Uburusiya.

Uburusiya bwagabishije ko abajejwe intwaro muri Ukraine nibakoresha inguvu ngo biza kubangamira utwigoro twose two kurondera amahoro.