Umuhungu wa Wade muri sentare

Karim Wade mu 2009 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP GETTY Image
Image caption Karim Wade mu 2009

Abajejwe intwaro muri Senegal bavuga ko Karim Wade, umuhungu w'uwahoze atwara ico gihugu, azorenguka muri sentare yagirizwa igiturire

Yagirizwa kuba yaregeranije umutungo ungana n'umuriyaridi w'ama dollar mu myaka cumi n'ibiri se, Abdoulaye, yamaze ku butegetsi.

Umutungo wiwe bivugwa ko ugizwe n'amazu, imiduga izimvye hamwe n'ibigo mpuzamakungu bidandaza amafaranga.

Bwana Karim amaze umwaka ari mw'ibohero ryo ku murwa mukuru Dakar, akaba ahakana ivyo vyose yagirizwa.