Abana Boko Haram yatwaye baracaronderwa

Ishure abana banyurujwe bigako Uwufise ububasha kw’isanamu b
Image caption Ishure abana banyurujwe bigako

Abajejwe umutekano, abarinzi hamwe n'imiryango baracarondera abanyeshure b'abakobwa baburiwe irengero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria

Abo bakobwa vyibazwa ko batwawe n'umugwi wa ki Islam, Boko Haram, kuwa Mbere.

Ntibiramenyekana neza abana bafashwe uko bangana bose.

Abajejwe intwaro muri ako karere bavuga ko abashika 99 atawuzi iyo bari.

Ariko abavyeyi bobo bavuga ko abari hagati y'ijana na mirongo itanu hamwe n'amajana abiri baburiwe irengero.