Gukura mu mazi Sewol ni mpaka amezi 2

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umusoza mukuru w'ubwato Sewol bwa Koreya y'epfo, avuye muri sentare kubazwa 19/04/2014

Hari imashini ziterura ibiremereye zibiri ziri hafi y'aho ubwo bwato 'Sewol' bwubamye.

Ariko ngo ntizishobora gukoreshwa batamenye neza ko atawugihumeka mu basigayemwo.

Imikuba n'ikirere kidakeye neza bibangamiye abariko bararondera aboba bari mu mazi.

Uyu munsi hatowe ibiziga bitatu gusa nayo abarenga 200 n'ubu ntibazwi irengero.

Imiryango y'abataraboneka iridoga ko harimwo kwikwega mu gikorwa co kurondera abakiri mur'ubwo bwato.

Ariko hari abamaze gutangura gutanga ibimenyetso vyofasha kumenya ababo, biciye mu gupima twa duce ndangakamere bita 'ADN'