South Korea: Agashavu mu babuze ababo

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ikiziga c'umwe mu bari mu bwato bwarohamye ashikanywe ku kivuko ca Jindo mu bumanuko bwa Seoul 20/04/14

Imiryango y'abataraboneka yashavujwe n'uburyo igikorwa co kubarondera kigenda cikwega, basaba ko ibiziga vy'ababo vyoronderwa vuba.

Mw'ijoro ryakeye hatowe ibindi biziga 17 inyuma y'aho habonekeye inzira mu ruhande rucamwo ingenzi mur'ubwo bwato.

Abajejwe gutabara bavuga ko bigoye kumenya aho ivyo biziga vyose vyari kuko hatabona neza.