Papa asabira amahoro Syria na Ukraine

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa Francis mu nkuka ya Pasika 20/04/2014

Mw'ijambo rya Pasika yashikirije isinzi ry'abakirisu bari bashagaje mu kibuga c'isengero yitiriwe Petero mweranda, Papa yaneguye inyifato yo kutitaho abasagirijwe n'ikiza ca Ebola mu burengero bwa Afrika, n'abari mu bukene butavurwa.

Uyu mwaka, abakirisu b'aba katolika, abaporoti n'aba orthodox bahimbaje bose Pasika.

Pasika n'umunsi uhambaye kurusha iyindi yose mu mwaka, ku bakirisu.