Intumwa za OSCE zari Sloviansk zarekuwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intumwa za OSCE, zimaze kurekurwa

N'abanyagihugu ba Ukraine batanu bari babaherekeje bari bafatanywe nabo barekuwe.

Irekurwa ry'abo bakozi ba OSCE ryabaye aho intumwa yarungitswe n'Uburusiya imariye gushika Sloviansk, aho bari bapfungiwe.

Vladmir Lukim avuga ko ico gikorwa ari ikimenyetso c'ubushake.

Nayo umukuru w'abarwanya ubutegetsi bwa Ukraine, Vyacheslav Ponomaryov, avuga ko barekuwe ata kirinze gusabwa

Ibihugu vya Bulaya vyakomeje kugondoza Uburusiya kurekuza abo bantu.