Igisasu cahitanye 3 muri Somalia

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Aturikiye igisasu Mogadishiu 03/05/2014

Ibitero bikomeje kurwira mur'aya mezi arangiye mu murwa mukuru Mogadishiu.

Ico gisasu caturitse cari catezwe mw'ibarabara ryo mu muji hagati.

Bimwe mu bitero bigabwa birerwa umurwi Al Shabaab, usagirijwe n'ingabo z'Ubumwe bwa Afrika zo mu rwego AMISOM, zifadikanije n'ingabo za leta.

Al Shabaab umaze kuva mu bisagara bitari bike vya Somalia, ariko uracifatiye ibice vyo mu bumanuko no hagati mu gihugu.