Ukraine iracahasha abayirwanya

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abashigikiwe n'Uburusiya bafoye berekeza ku kigo ca gisirikare mu muji wa Kramatorsk 02/05/2014

Yemeza ko ingabo za leta zamaze kugarura inyubakwa ikoreramwo televiziyo mu muji wa Kramatorsk, uri hafi ya Sloviansk, hari hifatiwe n'abashigikiwe n'Uburusiya.

Abanyagihugu baho baremeza ko habaye gutana mu mitwe, bamwe bagerageza gutangira ingabo za Ukraine.

Ubushikiranganji bwo kwivun'abansi buremeza ko mu burengero bw'umuji wa Sloviansk (muri Andreevka) habereye intambara zikomeye.

Abitwaje ibirwanisho bateye abasirikare, bicamwo babiri.

Abandi bantu barenga 30 baraye baguye mu gutana mu mitwe hagati y'ibo za leta n'abashigikiwe n'Uburusiya mu burengero bushira ubumanuko, mu muji wa Odessa, aho amazu yaturiwe.